CVR IMENYESHA KO HAMAZE GUTORWA IBINOGO RUSANGI 4163

Umurwi wo kumenya ukuri n’ukunywanisha Abarundi, CVR, umenyesha ko umaze guharura ibinogo rusangi 4,163 vyahamwembwo abantu bishwe mu magume u Burundi bwagiye bucamwo kuva bwikukira.

Ivyo biri mu cegeranyo ca mbere c’umwaka uwo murwi washikirije inama nshingamatekan na nkenguzamateka kuri uyu wa kabiri.

Kubwo umurwi CVR, ico gitigiri gishobora no kuzokwiyongera kubera gushika ubu hari “Abarundi benshi bataravuga ibinogo boba bazi n’aho biherereye”.

Ejo ku wa mbere, uyo murwi washize ahabona amagufa y’abantu bari hagati ya 250 na 270 yabonywe muri karitiye Kamenge iri mu gisagara ca Bujumbura, bagandaguwe mu 1993.

Muri ico cegeranyo, Pierre-Claver Ndayicariye arongoye uwo murwi yabwiye abashingamateka n’abakenguzamateka ko hari ibitaravugwa.

Ati: “Ibinogo vyatawemwo abishwe mu gihugu ni vyinshi, hari ivyo Abarundi bataratumenyesha kubera ubwoba canke agahinda bibibutsa. Abarundi benshi bazi vyinshi ntibaravuga ivyo babonye canke bazi”.

Avuga ko hafi ivyo binogo vyose vyagiye kumenyekana ari uko aho biri “hariko harakorerwa ibikorwa vy’iterambere vy’igihugu, nko kubaka amabarabara, imiserege canke amashure.

Icegeranyo cabo cerekana ko mu ntara zose uko ari 18 zirangwamwo ibinogo nk’ivyo, aho intara ya Gitega, ubu ariwo mugwa mukuru mushasha w’u Burundi, yabonywemo ibinogo bishika 640.

Intara ya Cankuzo mu buseruko bw’igihugu niyo maze gutorwamwo bike, aho CVR imaze kuronka ibishika 41.

Ntivyoroshe kumenya abatowe ibisigarira

Mu gihe ibitigiri vy’abahitanywe n’ayo magume yagiye asinzikaza u Burundi bitazwi neza, Bwana Ndayicariye avuga ko umugwi arongoye “umaze gutohoza no kumenya ku buryo mfatakibanza igitigiri c’abantu bashika 142,505 bishwe canke bagiye mazi mayongo”.

Avuga ko ico gitigiri ari ico abantu bafitiye amazina kandi berekana iyo baturuka uhereye ku ntara, ikomine, umutumba canke ikaritiye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *