RADIO INKINZO https://zeno.fm/radio-inkinzo/https://zeno.fm/radio-inkinzo/

Barundi, Barundikazi

https://zeno.fm/radio-inkinzo/

Sangwa amahoro y’Imana, iteka n’itekane aho muherereye hose.

Abarundi turarushe;

Turuhijwe n’uguhendwa n’abitwa ngo ni abategetsi b’igihugu, batubwira ukutariko kahise k’igihugu cacu, bagahindukiza ukuri ku nyungu zabo gusa;

Turuhijwe n’ukwama twicana kuva kera duteranijwe n’akagwi k’abanya politique bishimikiza amacakubiri kugira bahonye ubwoko bw’abatutsi n’abahutu batemera ububisha bakora mu ntumbero yo kugumana ubutegetsi bitwaje ngo batowe n’abanyagihugu;

Turuhijwe n’ukobona gushika uyu munsi abarundi bama ntibuca ntibwira, bakamana ubwoba iminsi yose, ubutegetsi bwica uwo bushatse , buboreza igufa abarundi, abandi bagapfungwa ata butungane, abandi nabo bakangazwa;

Turuhijwe n’ikinyoma n’ubuhemu bwa bamwe bamwe mu bitwa ngo barahagurutse kugwanira agateka k’abariko baratotezwa n’akagwi gapfukamye igihugu mu nda;

Turuhijwe n’amarementanya adasiba gukogwa n’akagwi kari ku butegetsi gafatanije n’ibihemu birajwe ishinga n’amaronko; bigatuma abarundi b’inzirakarangane birigwa baracugwa bufuni na buhoro atacamira;

Turuhijwe n’ukubona ibihugu , amashirahamwe yigenga , ya Afrika canke mpuzamakungu, ariko arasubira gucudika n’akagwi k’abanyamacakubiri kaboheye igihugu amaboko i mugongo, kabahendesha amajambo asosa ngo amahoro arenzeko mu Burundi mu gihe abarundi batakiryama ngo basinzire;

Barundi, Barundikazi

Ikigwanisho tuzanye kugira kibakure urusyo kw’izosi si ikindi,  ni ‘’Radio Inkinzo’’ n’ikiganiro cayo ‘’Ico utari uzi’’.

Iyi nkinzo ije kubakingira ca kinyoma camugaje igihugu imyaka n’imyaka; 

radio inkinzo ije kubakingira ukutamenya n’ukujuragirika mu ngingo mufata; inkinzo muzokwikingiriza rero si iyindi ni ‘’UKURI’’

Ukuri kwama ari kumwe. Ba sokuru baranayamaze bati:  ‘’Ukuri guca mu ziko ntigusha’’. Kumenya ukuri muri ibi bihe ubuhinga bwa none bwateye imbere birenze urugero ni ubutunzi budasanzwe.

Kumenya ukuri biturinda kujana nyabahururu,  bituma umuntu atajuragirika, afata ingingo nziza, akora ibitumbereye

Ukuri rero mugiye kukumenyera mu kiganiro ‘’Ico utari uzi’’ ca Radio Inkinzo FM

Ukuri ku vyabaye mu gihugu c’u Burundi ku ntwaro ya cami, mu gihe c’ubukoloni, eka n’ukuri kuvyabaye vyose inyuma y’ukwikukira kw’igihugu cacu, duhereye kw’igandagugwa ry’incungu y’ukwikukira,  umuganwa atari umugani Louis Rwagasore 

Ikiganiro ‘’Ico utari uzi’’ muzokimenyeramwo inkomoko y’amabi yose yashikiye abarundi , abayakoze n’abayakorewe, mu gihe c’intwaro za gisirikare, mu ntwaro ziswe ko zitorewe n’abanyagihugu ahenshi usanga harimwo uburiganya n’ubusuma bwateguwe n’abagomba amaronko aciye mu butegetsi.

Mu kiganiro ‘’ico utari uzi’’twiyemeje kubacukumburira ukuri ku ma dossiers yose anyegeye, dushire ahabona ivyo benshi bazi, babona canke bumva bagatinya kuvuga ku nyungu zabo canke za benewabo, canke z’abo basangiye ubwoko canke imigambwe, kandi bihonyanga agateka canke inyungu z’abarundi benshi

Twiyemeje kuvuga ukuri kwose, ataguca iruhande, atagukingira ikibaba umuntu n’umwe, kugira aho abarundi twacerewe tuhirihe kwiruka mu kumenya ivyatubayeko, ibiriko biradushikira, hanyuma turabire hamwe ingene uko kuri kwotwubaka, tugatera imbere nk’abandi.

Kaze rero mu kiganiro ‘’Ico utari uzi’’ ca radio ‘’Inkinzo’’ mumenye ukuri kudateye amazi, kudufashe kugwanya ikinyoma cubakiweko amacakubiri y’amoko yahekuye u Burundi, yakoreshejwe n’utugwi twamye twironderera amaronko mu kwigumiza ku butegetsi tubanje kuryanisha abarundi. Tuzomurikira abarundi kucokogwa kugira tuvavanure n’ikinyoma cakwijwe ku nyungu z’abantu bamwe bamwe, maze twubake kazoza katagira uburyarya, kazoza keza k’abarundi bose atakuraba amoko, amamuko canke imigambwe. Twipfuza kwubakira ku kuri igihugu c’amahoro n’umutekano, ubutungane kuri bose, ukwishira n’ukwizana n’iterambere ridakumira.

0 thoughts on “RADIO INKINZO https://zeno.fm/radio-inkinzo/https://zeno.fm/radio-inkinzo/

  1. Nimuze mukore turabe.Gusa icotwaboneshej amaso yacu cank ico twumvishijwe n’amatwi yacu tuzokigumiza k’umuzirikanyi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *