Ibikorwa Mvabwenge mu Burundi: Amategeko Ariho, Inyungu Ziracari Indoto — Apôtre Bernard Ntungwanayo Yuguruye “AFRI-BOOKS”, Ikigo ca Afirika Gitanga Inomero Ndanga-Bitabu N’IBIKOMOKA MURI AFIRIKA (AIN)

Ibikorwa Mvabwenge mu Burundi: Amategeko Ariho, Inyungu Ziracari Indoto — Apôtre Bernard Ntungwanayo Yuguruye “AFRI-BOOKS”, Ikigo ca Afirika Gitanga Numero Ndanga-Bitabu N’IBIKOMOKA MURI AFIRIKA (AIN)

Bujumbura – Ku wa 29 Nzeri 2025

Mu gihe Uburundi n’ibindi bihugu vya Afirika biriko birarwana urugamba rwo guteza imbere ubutunzi bwavyo, ikibazo c’agateka k’ibikorwa mvabwenge kiguma ari ntibagiranwa. Haheze imyaka hafi mirongo ibiri (20) Uburundi twemeje itegeko rigenga agateka k’abanyabuhinga (2005), n’imyaka irenga icumi hashinzwe ikigo kijejwe kubishira mu ngiro, OBDA (2011). Ariko, kuva ico gihe, abahanzi, abanditsi, n’abandi banyabuhinga baracari mu gipfungu c’ukwitega, barindiriye inyungu ziva mu bikorwa vyabo, ariko amaso agahera mu kirere.

Amategeko Yanditse ku Mpampuro, Ariko Ubukene mu Mifuko

Ku mugaragaro, intambwe iribonekeza. Ikigo OBDA kirakora, kigatanga n’impanuro. Mu 2023, caramenyesheje ko abanyabuhinga 326 bari bamaze kwandikisha ibikorwa 1.858. N’ubu, kiraguma gihamagarira abandi kuza kwandikisha ibikorwa vyabo.

Naho biri ukwo, ijwi ry’abanyabuhinga riririrmwo umubabaro. Umuririmvyi akaba n’umushakashatsi, Francis Muhire, abivuga ata gufyina ati: “Gushika ubu, nta muhinga ndabona yagize ico aronka kubera ibikorwa mvabwenge vyiwe. Amategeko arahari, ikigo kirahari, ariko ntibikora.” Iyi mvugo ni yo ndirimbo iririmbwa na benshi: amategeko meza ari ku mpapuro, ariko mu mifuko y’abanyabuhinga harimwo ubusa.

Intambwe Nshasha ya OBDA: Icyizere Gike canke Intango y’Impinduka?

Mu ntumbero yo gukemura ico kibazo, mu kwezi kw’icenda 2025, ikigo OBDA catanguje ingingo nshasha yo kurihisha amahoteri, utubare, n’izindi nzu z’ubutambiro zifashisha imiziki canke ibindi bikorwa mvabwenge. Umuyobozi mukuru wa OBDA, Claudette Mukankuranga, yamenyesheje ko ayo mafaranga azokwira ku banyabuhinga bose bazwi n’ico kigo.

Ariko, n’iyo ntambwe irimwo amakenga. Muhire agira ati: “Ikibazo ni uko ata gihano gihari ku basuzugura. Nta muntu azokwishura atazi neza ko bizokorwa mu ngiro.” Umuhinga mu mategeko, David Nduwimana, na we nyene yongerako ati: “Kugira amategeko akore, bisaba uruhara ruhambaye rwa Reta.” Ivyo vyerekana ko n’iyo hari ubushake, inzira iracari ndende.

Inyishu ku Rwego rwa Afurika: AFRI-BOOKS na AIN, Intumbero Nshasha

Mu gihe inzego za Reta zikiri mu magorwa yo gushira mu ngiro amategeko, hari abigenga bafashe iyambere mu gutanga inyishu zihambaye, kandi ku rwego rw’umugabane wose. Ni muri urwo rwego, Apôtre Bernard Ntungwanayo aherutse kwugurura ikigo gishasha citwa AFRI-BOOKS. Iki kigo ntikije gusubirira inzego za Reta, ahubwo kije kuzuzuriza no gutanga uburyo bugezweho bwo gukingira no guha agaciro ubutunzi bwa Afurika.

Ico kigo gitanga numero ndanga-gikorwa ca Afurika, AIN (African Identification Number). Iyi numero si ikimenyetso gusa, ni uburyo bwo gukurikirana no kwemeza ko igikorwa ari umwimerere. AIN izokoreshwa mu bice bitandukanye:

  • Ibitabu n’inyandiko 📝: Guha abanditsi agaciro no kubakingira abakoporora.
  • Indirimbo n’umuziki 🎶: Gufasha abanyamuziki gukurikirana aho indirimbo zabo zikoreshwa.
  • Amareresi (Films) 🎬: Gukingira abakora amareresi no kubaha uburyo bwo gucuruza ibikorwa vyabo.
  • Amabuye y’agaciro acukurwa muri Afurika ⛏️: Gukurikirana inzira y’amabuye y’agaciro, kuva aho acukuwe gushika ku isoko, kugira ngo igihugu n’abanyagihugu baronke inyungu ibakwiye.

Iki gikorwa ca AFRI-BOOKS gishobora guha icizere gishasha mu kurwanya igihombo abahanzi n’ibihugu vya Afurika barimwo ubu.

Incamake n’Akamo ka Apôtre Bernard Ntungwanayo: “Nitwe Dutegerezwa Guhindura Ibintu”

Ikibazo c’agateka k’abanyabuhinga mu Burundi ni akarorero gato k’ingorane Afurika yose ifise: ingorane yo guha agaciro no gukingira ubutunzi bwayo. Amategeko meza yandikwa, ariko akabura abayashira mu ngiro. Ubutunzi buracukurwa, ibikorwa birakorwa, ariko inyungu ikaja ahandi.

Ni muri urwo rwego, Apôtre Bernard Ntungwanayo asozera ahamagarira abanyafirika bose guhindura imyumvire n’ingiro. Agira ati:

“Biragoye guhindura isura y’ibintu mu kanya gato. Ariko, ntidukwiye kurindira ko inyishu ziva ahandi. Nitwe Banyafirika dutegerezwa guhindura ibintu. Tugomba kwubaka inzego zacu, zikomeye kandi zigezweho, nk’iki kigo AFRI-BOOKS. Tugomba guha agaciro ibintu vyacu, kuva kuciyumviro c’umuntu umwe gushika ku mabuye y’agaciro ari mu butaka bwacu. Igihe kirageze ngo dufate ibintu mu minwe yacu, kuko nta wundi azobidukorera.”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *